IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ozeya(10, 1-3.7-8. 12)
Israyeli yari umuzabibu utotahaye, wama imizabibu myinshi cane. Ariko, uko ivyamwa vyawo vyagwira, ni ko bagiye baragwiza impimbi; uko igihugu cabo cagiye imbere, ni ko bateza imbere inkingi z’ibigirwamana. Bagira imitima ibiri, noneho bazovyishura: Umukama azotembagaza impimbi zabo, asiture za nkingi zabo. Bazohava bavuge bati: «Nta mwami dufise, kuko tutubashe Umukama.» Vyaraheze i Samariya! Umwami wabo ameze nk’akatsi hejuru y’amazi. Ibitabo vy’ishano bizotikira, ari vyo vyacumuje Israyeli; amahwa n’ibitovu bizomera ku mpimbi zabo. Bazohava babwire imisozi bati: «Nimudupfuke»; n’imitumba bazoyibwira bati: «Nimutugweko.» Nimubibe ibikorwa vy’ubutungane, nimwimbure ivyimburo vyuzuye ubuntu, nimutere umushike aho batari bwarime. Harageze kurondera Umukama, gushika adushungururireko ubutungane.
IZABURI 104 (105) 2-3, 4-5, 6-7
Icit.: Nimurondere inyonga z’Umukama
mudatezuka.
Nimuvyinire Umukama, mumucurarangire inanga,
mutangarire ivyiza vy’agatantaza yagize,
murate izina ryiwe ryeranda,
imitima y’abarondera Imana inezerwe!
Nimwitegereze Umukama n’ubukomezi bwiwe,
murondere inyonga ziwe mudatezuka;
nimwibuke ivyiza vy’agatangaza yakoze,
ibitangaro vyiwe n’ingingo yashinze.
Yemwe ruvyaro rwa Aburahamu umusavyi wiwe,
yemwe bana ba Yakobo Imana yatoye ikamutonesha;
Umukama ni We Mana yacu,
ingingo ziwe ni zo zigenza isi yose.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Kuva ubu, nzobita abakunzi banje;
ivyo nahawe na Data vyose narabibamenyesheje.»
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (10, 1-7)
Yezu ahamagaye abigishwa biwe icumi na babiri, abaha ubukuru bw’ukwirukana amashetani n’ugukiza indwara zose n’ubumuga bwose. Amazina y’Abatumwa icumi na babiri, ng’aya: uwa mbere ni Simoni batazira Petero na Andreya mwenewabo, Yakoba mwene Zebede na Yohani mwenewabo, Filipo na Barutolomeyo, Toma na Matayo umutozakori, Yakobo mwene Alufayo na Tadeyo, Simoni w’i Kana na Yuda Isikariyoti ari we yahavuye amugurisha.
Abo icumi na babiri, Yezu abatuma abanje kubihanikiriza, ati: «Ntimufate inzira irora ku bapagani kandi ntimukoze ikirenge mu bisagara vy’Abanyasamariya; muratumbere riho intama zatakaye zo mu muryango w’Israyeli. Mu nzira, gende murigisha ko Ubwami bw’ijuru buri hafi.