Tubwirane Amazaburi

Bene Data,ncuti bakundwa b’Imana Shalom! Nkuko ndpngowe n’Imana mur’uno mwanya,nagomba ndabahe ikaze kugirango dusangire aya majambo yera y’Imana,tuyasanga muri zaburi 44:17-21;<Ivyo vyose vyadushitseko;ariko ntitwakwibagiye,kandi ntitwavuye mw’isezerano ryawe. 18,Imitima yacu ntiyasubiy’inyuma,intambuko zacu ntizatirimutse ngo zive mu nzira yawe, 19,Nawe ng’utuvunagurire ahantu h’imbwebge,ukadutwikiriza igitutu c’urupfu, 20,Namba twaribagiye Izina ry’Imana yacu,canke tukaya amaboko imbere y’iyindi mana, 21,Mbeg’Imana ntizobisuzuma? Kukw’izi amabanga yo mu mitima.amen. Nkuko boboneka muriyi zaburi,birashika,canke vyoba vyarashikiye bamwe muri twebwe,tukisanga mu bihe biruhishije cane nk’uko vyashikiye umukozi w’Imana Dawidi;mu bihe nk’ivyo abantu benshi barihebura bikabatera kurogota,aho benshi bagerageza kwigwanira,ariko mu vy’ukuri igihe cose umukristo ari mu bibazo akibagira Imana,niko navyo vyiyongera gukomera!Umwifato dukwiye kugira iyo tugeze mu bihe bidasanzwe,ntidukwiye kwayira amaboko umuntu n’umwe atar’Imana yonyene.Muyandi majambo,nagomba kubibutsa ko abantu bose Imana yaviye ishira hejuru bose yabareka bagaca mw’ishure canke uruganda rw’ibibazo bidasanzwe,mu nyuma bakisanga ari abadasanzwe,gushika na bugingo n’ubu,niko biri!mbaye ndagarukira hano,tuzosubira,Uhoraho abazigame,abarabe neza imisi yose,amen.!