Umutumiro wo kwihana

Bagenzi shalom! abakomantaza imitima babandanye abezwa mushishikare n’abizera amasezerano ku Burundi mukomeze cane. Ndibuka kumwaka uheze abavugabutumwa batubwiye ubwoko bw’inyenyeri yategerezwa kuboneka mu Burengerazuba bw’Uburundi nini cane. Mugihugu narimwo kitari kure y’Uburundi nakomeje buri joro narasohoka nkaraba ariko igihe kimwe mukwezi kw’8 narayibonye ndya akara uwo muvugabutumwa nti ya nyenyeri ndayibonye. Yamaze nk’indwi yose igaragara. None yasigura iki?
=> Mwibuke igihe Yesu avuka ,hari inyenyeri zarongoye abami 3 bari baje gushikanira umwami Yesu yavutse. Zasobanura ,igihe gishasha,génération nshasha,isezerano risha.

Abashoboye kuyibona baramenye ko havutse ihanga risha ry’lmana mukarere ariryo hanga ry’abarundi.

Imana yarasezeranye itanga ico kimenyetso c’amasezerano masha n’ihanga risha n’ubwami(ingoma) busha mukarere.

Ndabandanya mpanura nongera nsaba umwe wese muri twebwe kwicisha bugufi no kureka ivyo twahoramwo maze twegere lmana,tureke icaha niba uri mugihugu canke uri hanze wokwibaza nikuki abahambaye uno musi batashoboye kuzibira ubu bwirakabiri tubona haba kubari i Burundi,Mu Rwanda ,Kenya n’ahandi?

Nikuki Farao atabuhagaritse? Nuko hejuru ya vyose hari Rugira vyose.lmana nzima,nkuru igenzura vyose. Abahinga baravuga ivyabo,niko babitahura.Mbere n’igihe izuba rizozima inyenyeri zigakoroka kumusi lmana yagenye izoba igire isangangure isi ntibazobura ivyo bavuga.

Rero ni izamu rya buri wese kuja imbere y’lmana. Dusenge tubaze Uhoraho icagomba kuri Africa kuko nazindutse mbona « Twits » kuri compte z’abafaransa bavuga ko africa yose iza gucura umwiza habe ubwirakabiri ariko ntibavuze imvo zavyo canke kuki biza kuba mukirere ca afrika gusa.

Ndakebura wewe woba ugikekeranya ,wewe woba ugitalbikije mu masezerano no mumigambwe uzi,wewe woba ufise ufutima tubiri canke wewe wigize Yuda ukaba uri muri twebwe hano ,hindukira uje mu murongo w’abizera lsezerano vy’ukuri kuko ataruko bizosa nuko wiyahuye kuko ivyashikiye Yuda lskariyoti murabizi.

Ivyashikiye bakamenyi 400 ba bayali i karumeli aho lmana yakorora umuriro kugicaniro ca Eliya murabizi. None iyo Mana yo yahagurukije #Abisezerano we niyo ushaka kwitambika imbere y’isezerano ryayo?Woba uzi ko nurwanya #Abisezerano uzoba urwanije ubugombe bw’lmana nayo izogukura munzira? Nibaza ko uwoba arimwo wese agamitse izosi amaraso yiwe tutazoyabazwa kuko hano turi umuryango umwe,ihanga rimwe n’amasezerano amwe niyo mpamvu ntafuse burundu iyi groupe kugira ngo manze nkebure uwo wese yoba ari nyamuja irya n’ino!

Imana ihezagire uwo wese ahezagirwa na buno butumwa!

Dusangwe Imana Uburundi n’lsezerano!