Amasengesho yo kuwa gatatu yo gusengera igihugu c’Uburundi n’abarundi bose.

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KUWA 17/05/2017Ncuti z’Umusaraba,Hanga ryera ry’Imana mwese aho muri hose,shalom!

Twagira tubibutseko aho bukera tuzoba dufise amasengesho azomara amasaha cumi n’abiri. Ni ukuvuga kuva 06h z’igitondo gushika 18h z’umugoroba. Ijambo ry’urufatiro: Gusaba uruzitiro no kudomwako ikimenyetso c’Imana mubihe bigoye abantu bagiye gucamwo. (Ivyah 7:1-3). 

Tuzosengera :

1. uburinzi bw’ihanga ry’Imana no gushima uko Imana yagendanye natwe.
 2.Gusenga turondera kwezwa gutunganywa no kuvugutirwa.
3. Gusengera abapfunzwe, abahunze, impfuvyi, abapfakazi,n’abarwaye n’abari mumutekano muke.                
 Tukaba turangije tubipfuriza kubana n’Imana mur’ico gikorwa,muvugutirwa kandi mwezwa. Murakoze cane. 

Bigiriwe I Bujumbura Ku was 15/05/2017

Abisezerano. 

http://www.abisezerano.com