Mugihe Petero Nkurunziza y’amenyesha Uburundi n’amakungu ko Imana yamubwiye yuko Uburundi bugiye kuba Igihugu ca mbere mu 2020 kizoba giteye imbere gusumba ibindi Bihugu vyo muri Africa, ahubwo nyabuna nivyacumbagira bigiye kudenduka. Nkurunziza aheruka kugabisha abakozi b’Imana kutivanga mu vya Poritike ariko ngo wewe akaba arekuriwe kuvuga ubutumwa no gushikiriza abarundi ivyo baraye bavuganye n’Imana. Uno musi abashigikira ikiringo ca gatatu n’abatagishigikira bose barimwo babona ayo imbwa yaboneye kumugezi. Buke buke bose barimwo bategera ko bafise umwansi umwe. Ubuzima bw’Igihugu bwabaye akajagari kuburyo bose bariko bibaza ryari Igihugu Kizoja kumurongo. Abanyeshure ba Kaminuza bobo ntibakivuga kuko ubuzima bugiye kubabera umuzigo inyuma yaho bategetswe kuza bariha kukwezi kukwezi ivyumba bararamwo, imfungurwa bagaburirwa zigahagarikwa. Nayo abanyeshure baserukira abandi bavundiye muburoko abandi barirukanywe bagirizwa kurwanira agateka kabo. Hirya yeko umushikiranganji w’indero aheruka kumenyesha yuko amashure yose y’indaro agiye kwugarwa. Abanyeshure basanzwe baba hagati mu Gihugu ntabwo bigiye kuborohera nagato. Ivy’igitoro vyabaye ivy’igitoro nyene kuko ubuzima bw’Igihugu bugiye guhagarara kandi ntabwo bigiye kuronka inyishu uno musi .Abaporisi bobo babwiye abanya Bujumbura ngo nibakumbure nyabuna kwimenyereza kuza bagenda n’amaguru. Abanyagihigu MASKINI YA MUNGU birirwa mumabarabara batazi ivyo barimwo ngo bariko biyamiriza ibihugu vya Buraya. Iyo Reta nyene isunika abanyagihugu muri ubwo bubegito iheruka kwandika ikete abanya Buraya ibicishije munama Nshingamateka ngo nibagirire ikigongwe abarundi basubire kubaha imfashanyo. MASKINI YA MUNGU abo barundi nyene ntibazi yuko iryo kete ryanditswe.
Amanyama arasara ntasaba, nimba koko mukunda abarundi, canke mama nimba koko mukunda abahutu, mwokwibagira inyungu zanyu mugahindura umukenyuro wotuma abarundi baronka agahengwe. Ubu benshi bagendana ibikomere mumitima yabo bakabura uwo baririra, bakabura uwo bitura. Imiryango myinshi ba Serugo barahunze mugutinya yuko abana babapfira mumaso. Uwahimvye nawe agatangura kuyayata ngo ntabiganiro vyabarundi dukeneye. Ariko naweni siwe kuko ntazi ivyo aba ariko aravuga.
Barundi bene mama ntakintu nakimwe kizoza kirangiza ibibazo turimwo ataruko abarundi boose bicaye hamwe, abari mu Burundi n’abari hanze, abiyamirije ikiringo badakoresheje inguvu n’abazikoresheje maze zina murundi wese yisanzure yumve yuko atekanye mubiwe no mu twiwe. NAYO HANDI TUZOKWIGARURA TUTAGISHOBORA KWIHANAGURA AMARIRA!
KAKA Boney