UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KW’IGENEKEREZO RYA 07/06/2017. Theme:KUGIRA IBIHE VYO GUHEMBUKA .
Turasoma Ivyakozwe n’Intumwa 3:19 hamwe na Habakuki 3:2.
– guhembuka kw’ihanga n’ukwigihugu;
– guhembuka kwabarongozi bacu b’isezerano;
Benshi basenga batara hembuka bagaca bananiza abandi muri make abantu ni babanze bahembuke tubone gukomeza urugendo tunashike amahoro.
IVYO MPWEMU W’IMANA ASABA KWITWARARIKA:
– Kumenya isoko ry’ivyo mwunva, mubona canke mwiyumvira (Imana, Satani canke kameremere);
-Kwama mwerekana ubuntu n’imbabazi z’Imana aho muherereye;
-Guhakana kwama mugerera mu mubiri muri uru rugendo;
-Gusubiriza ivyiyumviro bibi ( umwiheburo, kudendebukirwa, …) n’ivyiyumviro vyiza.
– Kwama mwibuka urukundo Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo yabakunze.
IMITWARO:
Uretse guhembuka muvyo impwemu tuzosengera kandi dushike kuramutsa:
– Abafise inzara n’inyota yo kugororoka no kubohoka muvyo umutima.
– Abari mumabohero atandukanye ari mugihugu c’Uburundi no mubindi bihugu.
-Abari mu bitaro canke abagwariye muhira mumihana itandukanye.
-Impfuvyi n’abapfakazi, abana bo mwibarabara hamwe n’ababuze ababo.
III. IVYO GUSHIKIRIZA UBURONGOZI
1. Ivyo Mpwemu w’Imana azoba yahishuye mumasengesho.
2. Abo mwashoboye kugendera n’agashishiro mwabashiriye.
3. Abo mwashoboye kuremesha muvyo Impwemu no kubigisha umugambi w’Imana ku Burundi.
Ni dusangwe Imana-Uburundi-Isezerano.
Bigiriwe I Bujumbura kuwa 06/06/2017
abisezerano.com