Bubanza : Umugore yatuririye mu nzu umugabo wiwe

Nk’uko bishikirizwa n’igiporisi, hari nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro ryo kuri uwu wa kane, uwo mugore akaba yabanje kwugaranira mu nzu uwo mugabo wiwe, araheza aturira iyo nzu.

Ababanyi babonye iyo nzu iriko irasha baciye banyarukira gutabara, bakaba bakuyeyo uwo mugabo babanje kubomora umuryango.

Iyo nzu yose hamwe n’ivyarimwo vyarahiye biratokombera, uwo mugabo akaba yakijijwe n’abo babanyi biwe.

Publicités