Ruyigi : Umunyagihugu yaburana n’imiryango 900 yatewe hapfa umuntu umwe

Urwo rugo rwatewe n’abantu bitwaje imipanga bataramenyekana ni urwa Samuel NTIRAMPEBA, umunyagihugu wo mu ntara ya Ruyigi yaburana n’imiryango amajana icenda, kw’itongo avuga ko ari iryiwe, akaba mbere yaheruka gutsinda mu rubanza RC n°1/1988.

Muri ico gitero cabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, uwo Samuel NTIRAMPEBA yaratemaguwe, ubu akaba ari indembe. Muri ico gitero nyene cabaye ku rugo rw’uwo mugabo, uwitwa IRANKUNDA Claudette yarishwe n’imipanga yakubiswe

Publicités