Ubusuma mu mugambwe CNDD-FDD: « CNDD FDD irazi ko hari abatoza intererano batabitumwe n’uwo mugambwe »

Docteur Benjamin NDAGIJIMANA, umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura ashikiriza ko abatoza ku gahato amafaranga y’intererano z’umugambwe CNDD FDD bitwaza ko uwo mugambwe uri ku butegetsi.

« Twarabibonye ko hari abantu bikika mu kiza. Umugambwe uri ku butegetsi ni umugambwe ukomeye abantu bose batinya. Iyo umuntu afise akantu ashaka kurondera hirya no hino, biroroshe gusaba amahera. Nico gituma twagize duti amafaranga atozwa, intererano zose zitegerezwa guca kuri « Compte » y’umugambwe kugira tubone ni nde yatanze intererano ? Kandi kugira bitwereke uwatanze intererano ata gahato kagiyemwo. Kubera ugiye gutoza intererano ku gahato ntaco uba uriko urafasha umugambwe. »

Docteur Benjamin NDAGIJIMANA, umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura

Umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura ahamagarira Abanywanyi b’uwo mugambwe kudasubira gushikiriza intererano amaboko ku yandi.

« Ntihagire umuntu azosubira gutanga amafaranga mu ntoki z’uwundi muntu kuko tudaheza ngo tumenye ko ayo mafaranga aza kuyashikana »

Docteur Benjamin NDAGIJIMANA yibutsa kandi ko atawurekuriwe gusaba ku gahato intererano z’umugambwe CNDD FDD. Ivyo yabishikirije mu gihe hari bamwe mu bikorera ivyabo n’abarwizatunga bidoga ko batozwa ku gahato intererano z’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi.

Publicités