Ibimentso vyibihe: Nyamugigima ya 8.2 yononye vyinshi muri Mexique

Igorofa yakorotse mu gisagara ca Matias Romero mu ntara ya Oaxaca

Nyamugigima umukuru w’igihugu ca Mexique avuga ko ariyo ya mbere izananye inguvu nyinshi yishe abantu batandatu ku nkengera zo mu bumanuko bwa Mexique.

Bivugwa ko hari n’uwundi muntu umwe yapfuye mu gihugu kibanyi ca Guatemala, nkuko umukuru w’igihugu caho yavuze.

Iyo nyamugigima, Prezida Enrique Peña Nieto avuga ko iri ku rugero 8.2, yibasiye akarere ka Pacifique, ku birometero 87 mu bumanuko bushira uburengero bwa Pijijiapan.

Mexique yari yagabishijwe ko ishobora gutegwa na Tsunami, imikuba igashobora kuza ifise uburebure bw’imetero zitatu ziyongeye.

Bimwe mu vyo yononye mu gisagara ca Oaxaca muri Mexique, ku birometero 300 uvuye aho yakubitiye

Prezida Peña Nieto yavuze ko abanye Mexique imiliyoni 50 bategerezwa kuba bumvise uwo mutingito, kandi ko igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera.

Publicités