Ekereziya Gaturika y’Uburundi iratewe ubwoba n’ivyoshika mu gihe ibiganiro bitoba

Mw’itangazo Abungere ba Ekereziya Gaturika basohoye kuri uwu w’Imana, bamenyesheje ko mu gihe abegwa n’ibibazo vya poritike batoja hamwe mu biganiro, ibintu bishobora kwononekara gusumba uko biri.

Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE yasomye iryo tangazo aravuga ibishobora kwononekara.

« Nk’icerekeye Demokarasi n’ingene tuyitahura, icerekeye ukwubahiriza ubuzima bwa muntu n’agateka kiwe, ineza ya bose, ugutunganya inzego ata n’umwe akumiriwe, icerekeye ugutahukana impunzi, icerekeye kazoza k’urwaruka, icerekeye ubukene bubandanya kwugariza abanyagihugu, n’icerekeye ubucuti n’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu. »

Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, umukuru w’inama nkuru y’Abepisikopi b’Uburundi

Abungere ba Ekereziya Gaturika mu Burundi bavuga ko ibiganiro bihuza Abarundi vyabereye mu gihugu hagati ataco vyashitseko, kuko indinganizo yavyo itahumurije bose.

Izo ndongozi za Ekereziya Gaturika zigira ziti : « Ko hategekanijwe ibiganiro vyobera aho n’abari hanze bashobora kworoherwa kuvyitaba, birakwiye ko abo vyega bose bavyitaba kugira ngo batorere hamwe inyishu ibereye amananiza ya Poritike turimwo. »

Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, umukuru w’inama nkuru y’Abepisikopi b’Uburundi asaba ko abazokwitaba ivyo biganiro bokwicarira ibibazo nyamukuru bimaze gushirwa ahabona n’abarongoye ivyo biganiro.

« Nk’icerekeye isubirwamwo ry’ibwirizwa shingiro kirakwiye kwicarirwa kigatorerwa inyishu, bisunze intumbero y’amasezerano y’i Arusha. »

Publicités