Abarundi bane bafashwe bagiye kwinjira muri AL-SHABAAB

Ibinyamakuru yo mu gihugu ca Kenya bivuga ko abo Barundi bafatiwe ahitwa Isiolo mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri.

Mu giporisi ca Kenya bamenyesha ko abo barundi baje bava i Bujumbura, bakaba binjiye muri ico gihugu ca Kenya bavuze ko ari ingenzi (Touristes) zije kugendera ico gihugu, ariko mu nyuma bafatwa nk’igihe c’isaha cumi z’ijoro kuri uwu wa kabiri bariko bagerageza kwinjira mu gihugu ca Somaliya.

Igiporisi cabumvirije umwanya utari muto, bahava biyemerera ko bari bagiye muri Somaliya kwinjira mu murwi ukora iterabwoba wa AL-SHABAAB.

Abafashwe ni Ntakarutimana Bernard w’imyaka 41, Niyongere Yusuf w’imyaka 32, Nshimirimana Fulgnce Shadady w’imyaka 31 hamwe na Bizoza Abderauf 20. Bose bari mu minwe y’igiporisi ca Kenya.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s