Turukiya yagiranye amasezerano ya gisirikare n’Uburusiya

Uburyo bwo kwikingira « missile » S-400 buramaze gushikanwa ku kirindiro c’Uburusiya ca Hmeimim muri Siriya

Igihugu ca Turukiya cateye igikumu ku masezerano agiye gutuma Uburusiya bugiha uburyo S-400 bwo kwikingira ibitero vya « missile ».

Prezida Recep Tayyip Erdogan yavuze ko Ankara yabaye iratanga amahera make kuri ayo masezerano, amahera yoba ashika imiliyardi z’amadolari 2.5.

Igihugu ca Turukiya ni ica kabiri gifise ibigwanisho vyinshi mu bihugu biri mu muryango wo kwivunira umwansi hamwe Otan.

Ibihugu vyo muri uwo muryango bisabwa kugura ibigwanisho bishobora kujana n’ivy’uwo muryango.

Turukiya imaze igihe yunga ubucuti n’Uburusiya inyuma yaho bunaguriye imigenderanire na Amerika.

Turukiya yariyamirije imfashanyo ya gisirikare yahawe inyeshamba z’aba Curdes za Siriya zo mu mugwi YPG, zicuditse n’izindi z’aba Curdes zo muri Turukiya.

Uburusiya buvuga ko uburyo S-400 bushobora gushika ku birometero 400, bugashobora gukororera rimwe ibigwanisho 80.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s