UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA IGIHUGU C’UBURUNDI N’ABARUNDI. (13/09 na 16/09/ 2017)
Nkuko Uhoraho Imana yo mw’Ijuru yabitugeze, Ihanga Ryera ry’Imana ABISEZERANO rirabatumiriye amasengesho yama aba iminsi yose kuwa gatatu ( mercredi) no kuwa gatandatu ( samedi) kuva sa 6h gushika 18h, ku karago.
I. URUFATIRO : (2 Abikorinto 12:9) » Arambarira ati: Ubuntu bwanje buraguhagije kuko ubushobozi bwanje buhingurirwa mu ntege nke. N’uko cane cane nzonezerezwa kwirata intege nke zanje ngo ubushobozi bwa Kristo bunzeko. »
II. INYIGISHO:
– Guca bugufi muri vyose na hose kugira wirabire uko Imana igutabara.
– Kitishimira ikintu na kimwe muri iyi si atari urukundo n’ubushobozi bw’Imana.
III. IVYO MPWEMU AHISHURA:
– Abantu bake cane nibo bitabira aya masengesho Imana yasavye kubwo intege nke muvyo impwemu no kugarariza.
– Mu gihugu no mw’ishengero himirije ibihe bibi cane, uwahora asenga rimwe ni ahindure asenge gatatu ku munsi mubone gutabarwa.
IV. IMITWARO YO GUSENGERA:
– Abakozi b’Imana Isumba vyose bari mubikorwa bitandukanye n’ingendo hirya no hino.
– Gusengera impunzi, abateshejwe izabo, abapfunzwe, impfuvyi n’abapfakazi.
– Gusengera imitwaro musanganywe mu karere muherereyemwo no kwibuka kugira ibikogwa vy’imbabazi n’urukundo ku bandi.
V. ITANGAZO:
– Abana b’Imana ni bareke guta umwanya mubitagira ikimazi: ukwiganyira, urusaku, urwanko, ugucokorana, amazimwe, nibindi mwenivyo …ugutabarwa kurashitse.
Ni dusangwe Imana, Uburundi n’Isezerano.