Umutumiro w’amasengesho yo gusengera uburundi n’abarundi

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA IGIHUGU C’UBURUNDI N’ABARUNDI. (13/09 na 16/09/ 2017)

Nkuko Uhoraho Imana yo mw’Ijuru yabitugeze, Ihanga Ryera ry’Imana ABISEZERANO rirabatumiriye amasengesho yama aba iminsi yose kuwa gatatu ( mercredi) no kuwa gatandatu ( samedi) kuva sa 6h gushika 18h, ku karago.

I. URUFATIRO : (2 Abikorinto 12:9)  » Arambarira ati: Ubuntu bwanje buraguhagije kuko ubushobozi bwanje buhingurirwa mu ntege nke. N’uko cane cane nzonezerezwa kwirata intege nke zanje ngo ubushobozi bwa Kristo bunzeko. »

II. INYIGISHO:

– Guca bugufi muri vyose na hose kugira wirabire uko Imana igutabara.

– Kitishimira ikintu na kimwe muri iyi si atari urukundo n’ubushobozi bw’Imana.

III. IVYO MPWEMU AHISHURA:

– Abantu bake cane nibo bitabira aya masengesho Imana yasavye kubwo intege nke muvyo impwemu no kugarariza.

– Mu gihugu no mw’ishengero himirije ibihe bibi cane, uwahora asenga rimwe ni ahindure asenge gatatu ku munsi mubone gutabarwa.

IV. IMITWARO YO GUSENGERA:

– Abakozi b’Imana Isumba vyose bari mubikorwa bitandukanye n’ingendo hirya no hino.

– Gusengera impunzi, abateshejwe izabo, abapfunzwe, impfuvyi n’abapfakazi.

– Gusengera imitwaro musanganywe mu karere muherereyemwo no kwibuka kugira ibikogwa vy’imbabazi n’urukundo ku bandi.

V. ITANGAZO:

– Abana b’Imana ni bareke guta umwanya mubitagira ikimazi: ukwiganyira, urusaku, urwanko, ugucokorana, amazimwe, nibindi mwenivyo …ugutabarwa kurashitse.

Ni dusangwe Imana, Uburundi n’Isezerano.

http://www.abisezerano.com

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s