Ihuriro Justice For Burundi rigiye gushikiriza ibirego sentare Mpuzamakungu CPI

Mw’itangazo iryo huriro ryashize ahabona kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 15 Nyakanga 2017, iryo huriro rimenyesha ko naho abitwaje ibirwanisho binjiye ahakorera igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi ataco batwaye cotuma ibirego bizimangana.

Iryo huriro ry’abashingwamanza riremesha abarundi ribabwira ko ibirego, canke ivyo vyose vyofasha kugira bakurikirane imanza zabo bibitswe n’abashingwamanza bahurikiye mw’ihuriro bikingiwe neza.

Muri iryo tangazo ihuriro ry’abashingwamanza bahurikiye mw’ihuriro Justice For Burundi bamenyesha ko gutera inyubakwa z’ahakorera igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu vyerekana intege nke z’abakora ivyaha, iro huriro rikamenyesha ko ritazokwigera rihengeshanya kurondera ubutungane.

Mu kurangiza ihuriro ry’abashingwamanza bahurikiye mw’ihuriro Justice For Burundi bamenyesha ko iryo huriro rizokwitaba inama igira 36 y’umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu itegekanijwe ku magenekerezo ya 18 na 19 Nyakanga 2017.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s