Burundi: Ambassade ya Kenya iremeza ko hari abafunzwe ku bijanye n’iterabwoba

Abafashwe bakekwa kuja muri Somalia kwifatanya n’umugwi Al Shabaab

Ubuserukizi bw’Uburundi muri Kenya bwemeje ko hari abarundi bane bafungiwe i Nairobi muri Kenya ku mvo zijanye n’umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, al-Shabab.

Ubwo buserukizi buvuga ko bwahawe inkaratasi z’inzira z’abo bagabo bane, kandi ko bafungiwe muri kino gihe mu gisagara ca Nairobi.

Ambassadeur Remy Barampama avuga ko abo bagabo, babiri bava mu Buyenzi, umwe mu Kinama, uwundi i Gitega, biyemereye ko bari bagiye kwiyunga n’umugwi al-Shabab.

Bwana Barampama yavuze ko bategekanya kuvugana n’abo bafashwe mu ndwi iza, ngo bamenye n’abari bitezwe kubafasha ngo binjire muri uwo mugwi.

Igipolisi ca Kenya cafashe Abarundi baketswe kuja muri Al Shabaab

Ku munsi wa kabiri niho igipolisi ca Kenya cavuga ko cafashe abagabo bane baturuka mu Burundi kw’ibariyeri ryo kw’ibarabara Isiolo-Marsabit mu buraruko bw’igihugu, bari mu modoka igiye ku mupaka wa Somalia, kivuga ko bari bagiye kwiyunga na al-Shabab.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s