Tanzaniya iratangazwa nivyo Onu iyagiriza kuri Korea ya Ruguru

Umushikiranganji w’imigenderanire ya Tanzaniya n’amakungu, Dr Augustine Mahiga, arahakana ibirego vya Onu

Ubutegetsi bwa Tanzaniya bwavuze ko butangazwa nivyo Onu ibwagiriza mu kuba yashize ico gihugu ku rutonde rw’ibikorana ubudandaji na Korea ya Ruguru.

Ari mu nama n’ibigo vy’itangazamakuru i Dar es Salaam, umushikiranganji w’imigenderanire ya Tanzaniya n’amakungu, Dr Augustine Mahiga, yavuze ko hari imigenderanire ivyo bihugu vyari bifitaniye kuva mu mwaka w’i 2014, ariko ngo muri kino gihe Tanzaniya yaragabanuye imigenderanire y’ivyashara n’iy’imibano n’ico gihugu.

« Ntaco dupfa na Korea ya Ruguru, ariko ibikogwa vy’ico gihugu mu gukora ibigwanisho bibangamira akarere si vyiza ku mutekano w’amakungu. Nivyo vyatumye dutangura kugabanya iyo migenderanire, » niko Dr Mahiga yabwiye abamenyeshamakuru.

Umushikiranganji Mahiga yongeye avuga ko iyo migenderanire ku vy’ubudandaji, yariho imbere y’uko ico gihugu gifatigwa ibihano n’umuryango mpuzamakungu Onu.

Uwo mushikiranganji yavuze ko yimirije kuja mu nama mpuzamakungu ya Onu, aho ngo yipfuza gukoresha ako karyo, akavugana n’akanama kajejwe umutekano ka Onu kuri ico kibazo.

Onu yafatiye ibindi bihano Korea ya Ruguru

Tanzaniya n’Ubuganda biri ku rutonde rw’ibihugu biriko birakogwako itohoza na Onu, ko bitubahiriza ibihano igihugu ca Korea ya Ruguru cafatiwe.

Akanama kajejwe umutekano ka Onu kavuga ko kariko karatohoza ku makuru avugwa ko Tanzaniya yagize amasezerano ya gisirikare na Korea ya Ruguru y’imiliyoni z’amadolari 12.5.i

Publicités