Tuniziya: Abigeme b’aba Islamu bemerewe kwubakana n’abo bipfuza

Abagore bo muri Tuniziya bamaze igihe basaba kuzamurigwa amateka

Abigeme b’aba Islamu bo mu gihugu ca Tuniziya bakuriweko itegeko ryabasaba kurongogwa n’abagabo bo mw’idini rya Islamu gusa.

Umugore muvugizi wa Prezida Beji Caid Essebsi, niwe yasohoye iryo tangazo yongera akeza abagore kuri iyo ntambwe ibaha « uburenganzira bwo gushobora kwihitiramwo uwo bubakana ».

Gushika ubu, umugabo atari mw’idini rya Islamu yipfuza kwubakana n’umugore w’umu Islamu mu gihugu ca Tuniziya, yabanza kwinjira idini rya Islamu, akerekana icete yahawe imbere yuko atunganya ubwo bugeni. Igihugu ca Tuniziya, kirimwo 99% b’aba Islamu, kibonwa nk’igihugu gitera kija imbere mu bihugu vy’abarabu ku bijanye n’agateka k’abakenyezi.

Iryo tegeko rishasha rije inyuma yaho Prezida Essebi ubwiwe, asabiye kw’iryo tegeko rikumira ryahahora ryashinzwe mu 1973 rivaho.

Mw’ijambo yashikirije mu kwezi guheze, igihe c’umunsi mukuru w’igihugu w’abakenyezi, yavuze kw’iryo tegeko ry’imibano « rihonyanga umwidegemvyo wo kwihitiramwo umugabo ku bakenyezi ».

Iryo tegeko rya kera ryari riteye kubiri n’ibwirizwa shingiro rya Tuniziya ryemejwe mu 2014, ighe haba imigumuko yo gusaba ko ibintu bihinduka mu bihugu vy’abarabu.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s