Ububasha b’Uhoraho Imana yacu, iyo twizeye kandi dupfukamira.

🌈UBUBASHA BW’UHORAHO🌈YESAYA 40_12.

12.Ni nde yigeze kugera amazi y’ikiyaga ku rushi,akageresha IJURU itambwe ry’intoke,akaronka ingero yokwirwamw’umukungugu wo kW isi,Akagira imisozi ku munzane,n’uturambi ku ngero?

13.Ni nde yigeze kurongora mpwemu w’UHORAHO,akamwigisha nk’ah’ar’umujanama wiwe?

14.Ni nde mpwemu yigeze kugirisha inama,kandi ni nde yigeze kumwigisha,akamwigisha kuroranya akamwigisha ubwenge,akamwereka uburyo bwo gutahura?

15.Ereg’amahanga ameze nk’ima ry’amazi Riri mu mubindi,agereranya n’umukungugu ufashe ku munzane;raba aterura ibizinga vyo mukiyaga nk’ah’ar’akantu gato k’ubusa.

17.Imbere yiwe amahanga yose ni nk’ubusa;kuri we agereranywa nk’ah’ari hanyuma y’ubusa,nk’akarere kagaragara.

22.Iyo ni yo ivyagiye ahihese hejuru y’isi,ababa mw’isi bameze nk’uduhori;ni yo igaranzura amajuru nk’impuzu y’agakanganyenzi,ikayaganura nk’ihema ryo kubamwo;

23.Ni yo ihindura abaganwa ubusa;ikamanganya abacamanza bo mw isi,bakaba nk’akarere kagaragara.

25None rero mwongereranya na nde twongana? ni k’Uwera abajije.

26.Ni mwunamure amaso yanyu murabe hejuru, murabe uwaremye izo nyenyeri uw’ari we,ashora ingabo zazo mu bitigiri.azihamagara zose mu mazina;kubw’ubushobozi bwiwe,no kubw’inkomezi ziwe nyinshi,nta n’imwe ihara.👏AMEN👏

Publicités