1. *MBEGA UMUNTU ABA UMUGOROROTSI RYARI?*
2. *MBEGA UMUNTU ABA UMUGOROROTSI KANGAHE*
Kugororoka ntibitazanwa n’ibikorwa canke ikindi kintu na kimwe ariko bizanwa no *kwizera Yesu*
*_Ab’Ifilipi 3:9_*
_kandi mboneke ko ndi muri we ntafise ukwanje kugororoka kumwe kuzanwa n’ivyagezwe ariko mfise *kumwe kuzanwa no kwizera Kristo,* nikwo kugororoka kuva ku Mana *guhabwa uwizeye*_
Kuko igihe wakiriye Yesu maze ukamuha ikibanza akaganza ashitsa ibikorwa vyose vy’ukugororoka.
Kuko birya bindi vyose tubona n’ivyamwa vyo kugororoka ahandi ho kugororoka ni Yesu mu mutima w’umuntu.
*2Korinto 5:21*
_Umwe atigeze kumenya icaha Imana yamuhinduye icaha kubwacu kugirango *muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana*_
Bica vyumvikana ko atari ikintu umuntu atora kumusikumusi ariko n’ubuzima umuntu yakira hama akabubamwo.