Kenya: isoko rya Gikomba ryafashwe n’umuriro

Amakuru ava mu gihugu ca Kenya amenyesha ko igice kinini kidandarizwamwo imitumba ko arico casinzikajwe n’uwo muriro.

umwe mubadandariza mur’iyo soko yavuze ko ibintu vyiwe vyahiriye mur’iyo soko bifise agiciro k’ibihumbi 23 vy’amadorare y’Abanyamerika.

Abajejwe intwaro bamenyesheje ko bariko barakora amatohoza kugira bamenye abakoze ubwo bubisha,uwuzofatwa ko ariwe yayituriye akazofatirwa ibihano bikomeye.

Isoko ya Gikomba iri mu masoko manini muri Afirika y’ubuseruko, yafashe n’umuriro igihe c’isaha icenda z’ijoro buca ari kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 6 gitugutu 2017,Icatumye iyo soko ifatwa n’umuriro kikaba kitaramenyekana ariko bivugwa ko vyoba vyakozwe n’inkozi z’ikibi.

Publicités