WAVUKIYE KUGANZA IYI SI NTIKUGANZE

*IVYAHISHURIWE YOHANA 5:10*_ukabahindura ubwami bw’Imana yacu no kuba abaherezi bayo, kandi bazoba abami mw’isi. »_

Kimwe mu bintu vyatumye Imana irema, Imana ntiyigeze irema abakene canke abantu ngo babeho nabi ariko Imana yari yaremye abami kugira ngo baganze guhera kuri Adam yari yamugeneye kuganza *(Itanguriro 1:26)*

Nubwo Adamu yikuye mu kibanza Imana yari yamuhaye Imana ntiyaciye yicara burya umugambi wayo warabandanije gushika yishe kristo kugira Isubire ironke ubundi bwoko bw’abami bashoboye kuganza. Ukuganza nako ntigushoboka udafise ubuzima bw’Imana kuko Adamu Imana ikimurema yamuremye yirabiyeko imuha ubuzima bwayo ariko amaze gucumura ubuzima yarabutakaje ukuganza bica biranka.

Inkuru nziza ndakuzaniye nuko Imana yagusubije mu kibanza cawe kubwa Kristo ur’umwami atagisabwe na kimwe hatarabwe naho wavukiye kuko igikomeye ku mana n’ubuzima bwayo nayo ibindi vyose biza n’ingaruka y’ubuzima. 

Woca umbaza ngo none Pastor nganza ngute? Ncuti yanje Umwami aganzisha ijambo nawe uri umwami iyutumye ijambo rirazana ivyo rivuga kuko abamalayika bariho kugira ngo bagukorere ukivuga bobo baca bakora icuvuze ukabona hari ibitariko bigenda ukushaka hamwe wotuma ijambo ukatura uko ushaka ko biba vyohinduka hanyuma ugaca uba mu gahimbo uyumusi.

Warahezagiwe cane!!

*RIMBURA:*

Abaroma 5:17

Umusiguzi 8:4

*UKWATURA:*

Ndatuye nizeye ko nd’umwami kandi nije nganje, satani nta bubasha afise ku vyanje no mu banje niyo mpamvu nta mupfukamira kuko nije nganje. Mu magara ndaganje, mu butunzi ndaganje, mu migenderanire ndaganje muri vyose nije nganje kuko ubuzima bw’Imana buri muri jewe kugira ngo nganze binyoroheye mw’izina rya Yesu. AMEN

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s