Amerika: mu ntara ya California abantu bashika cumi bamaze kwicwa n’umuriro

Amakuru ava mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika amenyesha kandi ko abantu baharurwa mu majana bamaze guhunga izabo , inzu zirenga 1500 nazo zirasha.
Amakuru y’iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko abategetsi mu ntara ya California bavuze ko abantu indwi bapfuye mu ntara ya Sonoma, abarenga 20000 nabo barahunga intara za Napa, Sonoma na Yuba.

Umukuru w’intara ya California yamaze kuvuga ko intara arongoye iri mu bihe bidasanzwe kuko uwo muriro umaze kwonona ibintu vya nkenerwa bitari bike, harimwo n’ubuzima bw’abantu.

Bivugwa ko hariho abandi bantu bakomeretse kandi hari n’abo bataramenya irengero ryabo.

Publicités