Rwanda: Leta ya Gen Paul Kagame iragirizwa kwica no kuboreza igufa abapfungiwe mu makambi.

Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu HRW kivuga ko abatavuga rumwe na reta barenga ijana baborejwe igufa aho bari bapfungiwe mu makambi ya gisirikare hagati ya 2010 na 2016.Ico cegeranyo c’impapuro 91 casohotse kuri uyu wa kabiri.

Benshi mu baborejwe igufa n’abo bakeka ko bari mu migwi itavuga rumwe na reta nka FDLR na RNC, nk’uko bivugwa na Human Right Watc h.

Abakorewe ayo mabi babwiye abanditse ico cegeranyo ko abasirikare bakoresha bababoreje igufa bakoresheje umuyagankuba, kubereka ibintu bibereka ko bagira bicwe birangiye canke kubohera ibintu biremereye ku magara yabo mu gihe bariko barabazwa.

Bavuga ko abasirikare bamwe bamwe bababosha amapingu ku maboko no ku maguru mu kiringo c’amezi menshi, bakaba bayakurwako gusa igihe bagiye kwituma.

Urwanda rwaba rufungira abakene ahatabigenewe?

Urwanda rurarega HRW gushigikira FDLR

Ico cegeranyo kivuga ko ivyo vyose babikorerwa kugira bemere ivyo bagirizwa vy’ibihimbano.

Ishirahamwe Human Right Watch riragiriza abacamanza n’abashikirizamanza kudaha agaciro ivyo abo baba bapfunzwe bavuga, ko bagira uko bashoboye mu gusasira indava ukudahana.

Abantu 37 b’ivyaha bito bito ngo nibo bishwe n’inteko z’umutekano

Si ubwa mbere Urwanda rwagirizwa iyo nyifato idakurikije amategeko.

Mu mwaka uheze, umushikiranganji w’umutekano yarahakanye yivuye inyuma ko ata bantu basinzikarizwa ubuzima bariko barabazwa, kandi ko ata muntu n’umwe apfungiwe mu makambi ya gisirikare.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s