Ni muze tuduze amashimwe ku Mana yacu

🌈MUZE TUDUZE AMASHIMWE KUMANA YACU🌈ZABURI 89:_4_5_6_7_8_9_10_11.

4.Nti Nzoshimangira uruvyaro rwawe gushitsa ibihe bidashira;ingoma yawe nzoyikomeza,gushitsa ibihe vyose.

5.Ijuru rizoshima ibitangaza vyawe UHORAHO ;rizoshimira mw ikoraniro ry’abera k’ur’uwo kwizigirwa.

6.Ni nde wo mw ijuru yogereranywa n’UHORAHO ?ni nde wo mu Bana b’IMANA ahwanye n’UHORAHO ?

7.Ni we MANA iteye ubwoba bwinshi mw ikoraniro ry’abera,n’iyo gutinywa kurusha abayikikije Bose.

8.UHORAHO MANA Nyen’ingabo,ni nde munyenkomezi ahwanye nawe, UHORAHO ?kuba umwizigirwa kwawe kuragukikije.

9.Ni wewe uganza ukwishira hejuru kw’ikiyaga.iy’imipfunda yaco ikuye hasi,urayizibiza.

10Ni wewe wamenaguye Rahabu,hakamera nk’uwishwe abinsi bawe wabasabagirishije ukuboko kw’inkomezi zawe.

11. Ijuru n’iryawe,ISI n’a yo n’iyawe. Isi n’ibiyuzuye, ni wewe washizeh’itanguriro ryayo.👏AMEN👏

Publicités