Kenya: Abandi ba candidats bashobora kuja kwitoza.

Sentare ya Kenya yasohoye ingingo ko abakandida bose bari mu matora yagizwe impfagusa y’umukuru w’igihugu mu kwezi kw’umunani guheze ko bashobora kwitoza mu matora ya kabiri ategekanywa mu mpera za kuno kwezi.Ku munsi wa kabiri umukuru w’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi Raila Odinga yarikuye mu matora, bituma Uhuru Kenyatta asigara ari umukandida umwe rudende.

Sentare yategetse akanama kajejwe amatora kurekurira abandi bakandida batandatu batavuga rumwe n’ubutegetsi bakitoza.Iyo ngingo ifashwe mu gihe inama nshingamateka ihejeje kwemeza integuro y’itegeko, rihindura amwe mu mategeko agenga amatora.

Abashingamateka bo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ntibitavye iyo nama, bavuga ko ayo mategeko mashasha aje gushigikira Bwana Uhuru Kenyatta.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s