Mu burundi ubushikiranganji bw’umutekano buza imbere mumanota 

Kuri urwo rutonde, ubushikiranganji bw’umutekano buza mu kibanza ca mbere n’amanota 87,53 kw’ijana, ubwa kabiri hakaza ubushikirananji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ku manota 81,73 kw’ijana.Ubushikiranganji bw’intwaro ibireye buza mu kibanza ca gatatu ku manota 80,02 kw’ijana.

Ubwa kane ni ubushikiranganji bw’ubutungane bufise amanota 79,52 kw’ijana.

Ubushukiranganji bw’ibikorwa vya Reta buza ubwa gatanu ku manota 73,77.

Mu kibanza ca gatandatu haza ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu ku manota 70 kw’ijana.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bugira indwi ku manota 67,85 kw’ijana.

Mu kibanza c’umunani arico ca nyuma, haza ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrrika y’ubuseruko bufise amanota 65,88 kw’ijana.
Tubibutse ko ico cegeranyo gisohotse inyuma y’imisi mike icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO ashikirije imbere y’inama nshingamateka ivyaranguwe n’ubushikiranji bumwegukira.

Publicités