Kenya: Leta yasohoye miliyoni 120 z’amadolari y’abanyamerika zo gutegura amatora

Umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta yashize umukono kw’itegeko bwirizwa ritanga uruhusha rwo gusohora imiliyoni 120 z’amadolari yo kwongereza ngo hatunganywe amatora ategekanywa itariki 26 z’ukwezi kw’icumi 2017.Akanama kajejwe amatora IEBC, biciye ku muyobozi nshingwabikorwa Ezra Chiloba, kasavye imiliyoni 122 z’amadolari kugira gashobore gukoresha amatora, ariko leta yemera imiliyoni 100 z’amadolari.

Mu ndwi iheze, umugwi w’inama nshingamateka ujejwe ikoresha ry’amahera mu gihugu, waremeje imiliyoni 20 z’amadolari ngo afashe mu gisata c’itumanako mu matora yimirije.

Inyuma yaho hongererejwe imiliyoni 20, IEBC igiye kuronka yose hamwe imiliyoni 120.

Hagataho umukuru w’igihugu yemeje imiliyoni 250 z’amadolari agiye gutuma abana bo mu mashuli yisumbuye biga ku buntu kuva mu kwezi kwa mbere mu mwaka uza.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s