Umuntu wese azokwibarizwa ku giti ciwe.

🌈 UMUNTU WESE NI WE AZOKWIBARIZWA IVYO YAKOZE🌈EZEKIYELI 18:4_9_19_20_21_24_26_27_28_32.

4.Eh’abantu bose n’abanje;nk’uk’umwana ar’uwanje,ni KO n’a se ar’uwanje:umuntu akora icaha ni we azopfa.

9.akagendera mu vyagazwe vyanje,akitondera amabwirizwa yanje ngw akore ivy’ukuri;ben’uyo abar’umugororotsi,ntazobura kubaho,ni k’Umwami UHORAHO agize.

19.Yamara muravuga ng’Umwana n’iki kimubujije kuzira ibigabitanyo vya se?Ereg’umwana ni yakora ibitunganganye n’ibikwiye,akitondera ivyagezwe vyanje vyose,akabishitsa,ntazobura kubaho.

20.Umuntu akora icaha ni we azopfa:umwana ntazozira ibigabitanyo vya se,n’a se ntazozira ibigabitanyo vyumwana wiwe;ubugororotsi BW umugororotsi azobuharugwako,ivyaha vyumunyavyaha azobiharurwako.

21.Arik’umunyavyaha ni yahindukira akava mu vyaha vyiwe vyose yakora,akitondera ivyagezwe vyanje vyose,agakora ibitunganye nibikwiye,nukuri azobaho,ntazopfa.

24.Arik’umugororotsi ni yahindukira akava mu bugororotsi bwiwe,agakora ivy’ukugabitanya,akigana ibizira vyose umunyakibi akora,mbega yobaho?mu bikorwa vy’ubugororotsi vyose yakoze,nta na kimwe kizokwibukwa:ubuhemu bwiwe yakoze,ni vyaha yiwe yakoze,n’ivyo azopfa azize.

26.Umugororotsi ni yahindukira akava mu bugororotsi bwiwe,agakora ivy’ukugabitanya,azopfa abizize; ibigabitanyo vyiwe yakoze ni vyo azopfa azize.

27.Eriko kandi,umunyavyaha ni yahindukira akava mu vyaha vyiwe yakora,agakora ibitunganye n’ibikwiye,azokiza ubugingo bwiwe urupfu.

28.Kuko yirimbuye agahindukira akava mu bicumuro vyiwe vyose yakoze, n’ukuri azobaho,ntazopfa.

32.Erega simpimbarwa n’urupfu rw’upfuye,ni k’Umwami UHORAHO agize:nuko ni muhindukire, mubeho.🙏AMEN🙏DUSHOBOZE YESU🙏

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s