Kenya: Raila Odinga yipfuza leta mfatakibanza 

Umukuru w’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, Raila Odinga, yavuze ko yipfuza ko hoshingwa leta mfatakibanza yorongora igihugu mu mezi atandatu mu kuronderera inyishu ibibazo vya politike biri mu gihugu.
Bwana Odinga yanse kwitaba amatora ya kabiri, asaba ko muri ico kiringo hoca hahindugwa ibwirizwa shingiro mu ntumbero yo gutunganya gusha ububasha bw’umukuru w’igihugu.

Uwo munyapolitike ari mu rugendo mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika, yavuze ko yiteguye kugirana ibiganiro na Perezida Uhuru Kenyatta ku bijanye n’ukwo guhindura ibwirizwa shingiro mu ntumbero yo kwirinda indyane zokwaduka mu miryango ivuga ko yagiye irakumigwa.

Bwana Kenyatta niwe yatangajwe ko yatsinze amatora ya kabiri yo ku wa 26 Ukwezi kwa 10 n’amajwi imiliyoni 7.5 ku bice 98 kw’ijana, mu gihe Raila Odinga ysanse kuyitaba.

Abanyagihugu 39% nibo bitavye amatora ugereranije n’abari bitavye amatora ya mbere, Raila n’abamushigikiye bavuga ko bibwemwo amajwi.

Raila Odinga aranegura uburyo buhari bwo gushinga uwurongora igihugu.

« Amatora ashingiye ku mukuru w’igihugu atuma agwiza amacakubiri ashingiye ku moko, bitewe nuko imiryango yumva ko yotekanigwa aruko hari umuntu wabo ari hejuru, » niko Odinga yavuze mu kiganiro mu biro iwe.

Yipfuza k’ubutegetsi butoja mu minwe y’umuntu umwe, agasaba kw’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu 2010 ryosubirwamwo.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s