Tanzania: Igisasu cishe abana batanu kw’ishuli mu ntara ya Kagera. 

Igisasu caturikiye kw’ishuli ry’intango mu gihugu ca Tanzaniya, cishe abanyeshuli batanu, gikomeretsa abashika 20.Umukuru w’igipolisi mu ntara ya Kagera yemeje ayo makuru, asigura ko abo bana boba bishwe n’igikoresho gikozwe mu cuma boba bariko barakinisha.

Abanyagihugu bishikanye gutanga amaraso ku bakomeretse.

Bino bibaye haheze amezi abiri abana batatu baragiriye hafi y’ahari inteko za gisirikare bishwe n’ikintu bakinisha, ciketswe ko coba cari gerenade yo mu minwe i Arusha, mu buraruko bw’igihugu.)

Aho mugihugu ca Tanzaniya nyene Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Magufuli yirukanye abakozi ba leta babiri inyuma yaho akankamiye umwe kuri televiziyo.

Ivyo vyabaye inyuma yaho abajije abayobozi babiri b’amakomine amahera boba baregeranije yo gukora amabarabara mu makomine yabo.

Nta numwe yashoboye kwishura ubwo nyene, munyuma haheze amasaha make, bose baciye birukanwa mu kazi. Nta nsiguro yatanzwe.

Publicités