Nkuko mugihe ca kera Yoshuwa yatabawe n’ijiru , nawe ni wizere niko ijuru rigira rigutabare.

🌈NKUKO YOSUWA YATABAWE N’IJURU,NAWE NIWIZERE UHORAHO AKURWANIRE🌈YOSUWA 5:13_14_25.

UMUGABISHA W’INGABO Z’UHORAHO

13.Maze YOSUWA iri hafi y’i yeriko,agize ngw arunamura amaso,abona umuntu imbere yiwe,yasokoye inkota,ayifashe mu ntoke.YOSUWA aramwegera,aramubaza,ati Mbeg’uri’uje ku ruhande rwacu,canke ku rw’abansi bacu?

14.Aramwishura,at’Ekaye:arikw ikinzanye Ubu n’uko nd’umugabisha w’ingabo Z’UHORAHO.Maze YOSUWA arapfukama,arunama,amuha icubahiro,aramubaza,ati Mugenzi,jewe umusavyi wawe non’ico ugomba kumbarira n’iki?

15.Nuk’uwo mugabisha w’ingabo z’UHORAHO yishura YOSUWA,ati kura inketo mu birenge vyawe,kukw aho hantu uhagaze ar’ahera.Nuko YOSUWA abiginza artyo.

GUSUBIRA MUVYAGEZWE 28:1_2_3_4_5_6_7.

UMUGISHA 

1.Ni mwagira umwete wo kwumvira UHORAHO IMANA yanyu,mukitondera ivyagezwe vyiwe vyose mbagera uyu musi,mukabishitsa,UHORAHO yanyu azobashira hejuru gusumba amahanga yose yo mw isi.

2.kand’iyi mihezagiro izobazako,ibashikire,ni kwumvira UHORAHO IMANA yanyu.

3.Muzogira umuhezagiro mu bisagara,muzowugira no mu matongo.

4.Uruvyaro rwo munda zanyu ruzohezagirwa,bo n’imirima yo mundimiro zanyu,n’uvyaro rw’amasho yanyu,inka zanyu zirondoke,bo n’imikuku yanyu.

5.Mu bisimbo vyanyu hazoba umuhezagiro,bo no mu twato twanyu mucumbamwo.

6.Muzogira umuhezagiro mu maja no mu maza.

7.UHORAHO azotuma abansi banyu babakuriye hasi batsindwa imbere yanyu:bazozanana inzira imwe babateye,babahunge baciye mu nzira indwi.👏AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU👏

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s