Ingingo yafashwe n’abacamanza ba Sentare Mpuzamakungu mpanavyaha ICC, naho hariho abayinezererewe cane ntaco izomarira abarundi uretse ico izobamaza (Iciyumviro ca Dr Merlin Dusengumuremyi)

Abarundi na cane cane abari mu mirwi irwanya leta y’Uburundi banezererewe ingingo yafashwe n’abacamanza batatu ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha ICC. Hariho abatamvye baratarika, barasoma barasubira hanyuma bariyamamura ngo ni intsinzi ihambaye.

Naho tudashigikiye leta y’Uburundi Kubwo ibikorwa vyayo bibi , harimwo n’ubwicanyi bw’agahomerabunwa, tutorinda kudondagura ngaha; abo banezerererwa iyo ngingo si uko bakunda uburundi n’abarundi gusumba abandi mugabo bashobora kuba bari mu mice itandukanye ibonamwo akarusho.

Muribo hariho abatazi ibinyegejwe muri iyo ngingo y’abo bacamanza n’abandi babona yuko imigambi yabo ya politike igiye kuja mu ngiro.

Ingingo nkiyo aho kugirira ubutungane abarundi n’Uburundi ahubwo zirabakandamiza kubera imvo zikurikira:

– Bituma uburundi bukumirwa na cane mu makungu maze inzara, ubukene n’ivyago bikiyongera.

– Bituma igisebe c’amacakubiri cimbika, abarundi isinzi bagakomeza urwanko n’inzigo y’inzikira bihagaze kumacakubiri y’ubwoko mbere nayo urukoba akazirako kubera abarundi badatanguye gupfa kubwinshi kuva mu mwaka wi 2015.

-Bituma ububi bw’abategetsi ba Leta y’uburundi bwiyongera ndetse n’ububisha bukarwira kuko n’akadirisha ka demokarasi kari kahari kakugarwa kugira bikingire gusumba. Mbere n’inzanko z’ibihugu zikinjiramwo.

-Bituma abazi yuko bashobora kuronderwa n’ubwo butungane bacika intambwe bakibohera ku butegetsi kuko bazi neza yuko babuvuyeko boca bafatwa bagapfungwa.

Abarondeye yuko abategetsi b’uburundi bashengezwa kubera ububisha bakoze ni uburenganzira bwabo. Mugabo bari kuba ari abahizi iyo biyumvira isinzi ry’abarundi bahitanywe mu 1965, 69, 72, 88, 91, 93-gushika n’ubu n’ama Leta yagiye arakurikirana mu Burundi.

Iyo ngingo ifashwe yo gutohoza ivyaha vyakozwe mugihe c’ihirika ry’ubutegetsi gifatanye nico Leta yise « imigumuko » yo mu 2015, irerekana ibivurwa ku karenganyo, uguhengama no guca izangondagonde z’amashirahamwe nka yose yegamiye ryashirahamwe mpuzamakungu ONU.

Akarorero, abantu bababa ibihumbi amajana atatu barwiriyemwo abahutu barishwe na Leta mu Burundi mu mwaka wi 1972 n’amashirahamwe co kimwe n’abategetsi batari bake bati nyabuna mu Burundi habaye ubwicanyi busa nubwo ihonyabwoko. Ariko kabaye akamizwe n’ingoma.

Iyo ngendo rero yayo mashirahamwe naho bamwe baririmba bati ni ubutungane bushizwe mu ngiro abandi bayibonamwo akarenganyo kandi ivyo ntibibura kugira ingaruka kubarundi bose nkihanga.

Igituma tuvuga yuko iyo ngingo itaje kworohereza abarundi bose si ivyo gusa. Ingingo zirafatwa zigafasha abantu bari kurushi bafise inyungu zabo gusa mugabo imiliyoni n’imiliyoni z’abanyagihugu zikaharwa.

Fata akarorero kivyabaye muri Côte d’Ivoire aho abasirikare b’abafaransa bagiye bakica abacungera Laurent Bagbo bamwagiriza ivyaha nkivyo. Ntamuti w’indyane batoreye ico gihugu uretse yuko kwabaye ukugomba kumukura kubutengetsi kugira ngo b’imike uwo bashaka.

Akandi karorero twofata ni ako muri Sudani ya ruguru. Beshir umukuru w’igihugu baramwagirije ivyaha benivyo mbere batako baratanga n’umutahe mpuzamakungu mugabo ivyo vyose vyabaye impagusa ahubwo bakomeje ubutegetsi bwiwe bw’igitugu gusuvya uko vyahora.

Tugarutse hano iwacu mu burundi, ni vyiza yuko ubutungane bugiye kwihweza ivy’abacu twabuze tutanka mu myaka itatu kuva 2015 gushika 2017. None ga ibihumbi n’ibihumbi vy’abavukanyi , abavyeyi, incuti n’abagenzi twabuze kuva muri 1972 gushika muri 2014 turabahevye? Ahubwo iyo ngingo yabo bacamanza ije gukora munkovu ibihumbi n’ibihumbagiza vy’abarundi bafise ibisebe ku mitima.

Iyo ngingo ije kunezereza mu buryo buhishije imitima ikunda agapfa, ije gupfukura igisebe c’amacakubiri kiri mu mitima y’abarundi no gukomeza intwaro y’igitugu y’ubutegetsi buhari. Iyo ngingo ntiyodusamaza na gatoyi ngo tunezerwe nkabaraho ngo turatsinze rurayi. Ahubwo tubandanye urugamba Uhoraho Imana yaduhamagariye rwo gushikana abarundi bose mu Burundi Bushasha bw’Isezerano.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s