Amerika: yahakanye ubudandaji budakorewe ku mangane

Perezida Trump avuga ko atidogera Ubushinwa ku migenderanire y’ubucuruzi n’Ubushinwa idatunganijwe neza, mu rugendo yarimwo muri ico gihugu

Perezida wa Leta Zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump yavuze ko batazokwihanganira ubudandaji budakorewe ku mangane, mu nama y’ibihugu vya Asia na Pacifique (Apec) iriko ibera Danang muri Vietnam.

Ku rundi ruhande umukuru w’igihugu c’Ubushinwa Xi Jinping abona ukundi ico kibazo c’ubudandaji aho avuga ko ugutunganya ubudandaji ibihugu vyose vyitabira (mondialisation) ko atawobisubiza inyuma.

Bwana Trump avuga ko atazosubira kwemera ko « Amerika iba igikoresho co kwiteza imbere ». « Ntidushobora kwihanganira abamye badukoresha ku nyungu zabo mu budandaji », niko yavuze mw’ijambo yashikirije.

Yabandanije avuga ko azoshira Amerika imbere , asaba n’ibindi bihugu kubanza gushira ibihugu vyabo imbere igihe bipfundika amasezerano ajanye n’ubudandaji.

Umukuru w’igihugu ca Amerika avuga ko ubudandaji uko bwifashe muri kino gihe, ngo bumaze gutuma imiliyoni z’abanyamerika bahomba akazi, avuga ko yipfuza kubisubiza ku murongo.

Apec ihurikiyemwo ibihugu 21 vyo mu karere ka Pacifique vyinjiza mu mwimbu w’isi 60%.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s