Mu Burundi biriwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza CPI

Mu Burundi abantu ibihumbi n’ibihumbi bazindukiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ingingo ya CPI yo kugira amatohoza ku vyaha bikomeye vyakorewe muri ico gihugu.

Mu gisagara ca Bujumbura abari mu myiyerekano bavuye kuri rond-point yitiriwe ONU gushika ku kibanza citiriwe ukwikukira kw’u Burundi.

N’aho hari mu mvura nyinshi, abantu benshi barongowe n’abategetsi batandukanye b’igihugu, bitavye iyo myiyerekano.

Bari bitwaje amabendera y’igihugu c’u Burundi n’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko

Yagize ati: « Nk’uko umushikiranganji w’ubutungane yabivuze, ingingo yafashwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI nta gaciro tuyiha kuko itisunze amategeko. »

Amatohoza

Abari mu myiyerekano bari bitwaje amabendera y’igihugu c’u Burundi n’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko hamwe n’inyandiko ziyamiriza CPI.

Kuri uyu wa kane igenekerezo ry’icenda z’ukwezi kwa 11, Sentare mpuzamakungu CPI yaremeje ko hagiye gukorwa amatohoza ku vyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu vyoba vyarakorewe mu Burundi.

Ivyaha bivugwa ngo ni ivyoba vyakowe kuva itariki 26 z’ukwezi kwa 4 umwaka wa 2015 gushika kw’itariki 26 z’ukwezi kwa 11 umwaka wa 2017

U Burundi bwavuye muri iyo sentare itariki 27 z’ukwezi kwa 10 inyuma y’umwaka wose bwanditse ikete yo kuvavanura na yo.

Kw’izina rya reta y’u Burundi, ku musi wa gatanu, umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine Kanyana yamenyesheje ko u Burundi butazokorana n’iyo sentare kubera yafashe iyo ngingo bwaramaze kuyivamwo.

Publicités