Irani na Iraki: Nyamugigima ikomeye yishe abantu 348 muri Irani na Iraki

Abantu benshi bapfiriye mu ntara ya Kermanshah

Nyamugigima y’ubukomezi bw’7.3 ku gipimo ca Richter yajugumbije isi ku mupaka wo mu buraruko wa Irani na Iraki, hapfa abantu 348 hakomeretsa abaharugwa mu bihumbi.

Umunya Irani akora mu kigo c’ubutabazi yavuze ko abantu 70,000 bakeneye aho bakika umusaya, inyuma yiyo nyamugigima yatandukiriye akarere kanini uno mwaka.

Mu bapfuye benshi muri bo baturuka mu ntara ya Kermanshah iri mu burengero bwa Irani, hafi 5660 ngo bakaba bakomeretse.

Abantu indwi nibo bapfiriye muri Iraki, aho abanyagihugu bariko bariruka mu mabarabara ku mugwa mukuru Baghdad.

Umuvyeyi w’abana batatu, Majida Ameer, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ati « Nari nicaye n’abana turiko turafungura, munyuma tuza twumva inzu iriko iratamba mu kirere.

« Ubwa mbere niyumviye ko ari ikibombe kinini, munyuma numva abantu bose bariko barakoma induru bavuga bati: nyamugigima! »

Mu misozi igwiriyemwo abo mu bwoko bw’aba Curdes, inzu nyinshi zubatswe n’amatafari y’ivyondo, zasenyutse inyuma y’iyo nyamugigima yo ku munsi wa Mungu.

Imigwi y’abatabazi ntiyashoboye gukora akazi neza izibigwa n’ibihomoka, niko uwo mu kigo c’ubutabazi Pir Hossein Koolivand yavuze.

Publicités

2 commentaires sur “Irani na Iraki: Nyamugigima ikomeye yishe abantu 348 muri Irani na Iraki

Les commentaires sont fermés.