Ibimenyetso vy’ibihe: Austrariya hemejwe itegeko ryemerera abahuza ibitsina babisangiye kwubakana

Abashigikiye abahuza ibitsina babisangiye bishimiye ayo matora bakaba baboneka mu mabarabara menshi agize ico gihugu baririmba bongera batamba.

Inyuma yaho ivyavuye mu matora bimenyeshejwe, umushikiranganji wa mbere wa Austrariya Malcolm Turnbul yashikirije ko Reta arongoye izoca ishikiriza iyo ngingo inama nshingamateka kugira iyemeze mu kwezi kuza kwa 12 uwu mwaka wa 2017.

Malcolm Turnbull yagize ati : « Abanyagihugu ba Austrariya batoye ego kugira habe ukungana mu vyerekeye ivyo kubakana ».

Amakuru ava mu bimenyeshamakuru vyo muri ico gihugu ashikiriza ko abantu bashika imiriyoni 12,7 baharugwa mu bice 79,5 kw’ijana aribo bitavye ayo matora aho ikibazo cari kimwe gusa co kwemeza canke guhakana ko itegeko ryerekeye kwubakana ko ryohindurwa rikemerera abahuza ibitsina babisangiye bagashobora kwubakana imbere y’amategeko.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s