Arusha : Ku munsi wa gatanu abahora bakorera mu mirwi barahurira hamwe

Ivyo biganiro vyatanguye kuwa mbere igenekerezo rya 27 Munyonyo 2017, vyitabwe n’abaserukira Reta,umugambwe uri ku butegetsi, abari mu runani Amizero y’Abarundi, abanyamigambwe,abanyeporitike bigenga,abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abaserukira amashengero n’abahoze ari abakuru b’igihugu.

Nk’uko vyari vyasabwe n’umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa, abitavye ibiganiro bari bamaze iminsi bakorera mu mirwi itanu, ariko vyitezwe ko kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 1 Kigarama 2017, bahurira hamwe kugira babiharireko.

Ivyo biganiro bihuza abarundi vyatanguye hari ukutumvikana ku bibazo bimwe bimwe na cane cane ikijanye n’ishirwaho rya Reta y’Ubumwe, , kitashigikiwe n’abari ku ruhande rwa Reta, ariko kigashigikirwa na bamwe mu banyaporitike batavuga rumwe na Reta.

Gushika kuwa kur ‘uyu wa kane igenekerezo rya 30 Kigarama 2017, vyari vyutezwe ko Domitien NDAYIZEYE yahoze arongoye Uburundi ntiyari bwashike i Arusha, ariko amakuru ava muri Tanzaniya amenyesha ko yashitse inyuma y’umutaga, mu gihe Pierre BUYOYA nawe akirindiriwe.

Nkuko biri ku rutonde rw’ibizokwigwa i Arusha, ibiganiro bizorangira kw’igenekerezo rya 8 Kigarama 2017, hashizwe umukono ku masezerano ahagarariwe n’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s