Pakistani: Abitwaje ibigwanisho bateye ikigo c’imyimenyerezo i Peshawar bica abantu 9 bakomeretsa 36.

Abatalibani bo muri Pakistani bavuze ko ari bo bagize ico gitero

Abagabo bitwaje inkoho binjiye mu kigo bagiriramwo imyimenyerezo i Peshawar , bica abantu icenda bakomeretsa abandi 36.

Abagabo batatu baje bipfutse hose biniye muri ico kigo i Peshawar mu gitondo co ku musi wa gatanu.

Abateye bose bishwe, nk’uko igisirikare kibimenyesha.

Abatalibani bo muri Pakistani bamenyesheje ko ari bo bagize ico gitero.

Ico kigo coba cariko kiritegurira ibiruho vya Eid-e-Milad.

Ikintu kimwe caturikiye imbere muri ico kigo, nk’uko bivugwa mu binyamakuru bisubiramwo igisirikare.

Abasirikare n’igipolisi karuhariwe ni bagenzura ico kibanza.

Abanyeshure umunani n’umukozi umwe bishwe, nk’uko bivugwa n’igipolisi.

Ico kigo coba cariko kiritegurira ibiruho vya Eid-e-Milad.

Umunyeshure umwe yakomeretse, Ahteshan ul-Haq yabwiye Reuters ko abanyeshure 120 kuri 400 ari ho bari bariigihe ico gtero caba, kubera benshi bari bamaze gutaha mu karuhuko k’impera z’iyinga.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s