
Ifoto itagaragara neza yerekana inyeshyamba z’aba Houthi ziraswako n’abashyigikiye Saleh.
Amakuru aturuka mu murwa mukuru wa Yemeni, Sanaa, aravuga ko ingabo z’amahanga harimwo niza Arabia Saudite zagavye ibitero ku birindiro vy’inyeshyamba z’aba Houthi.
Birasa nkaho izi ngabo zirimwo gufasha abashigikiye Ali Abdullah Saleh yahoze ari perezida wa Yemeni.
Ibi bitero vy’indege bigabwe inyuma y’iminsi ine y’imirwano ikaze hagati y’inyeshamba z’aba Houthi n’abashigikiye Saleh mu muji wa Sanaa kubera ko ihuriro ryabo ryavutsemo ibibazo.