
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko iyo Gerenade yatewe nk’igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo ine n’itatu, hafi y’ahari inzu y’ubuvuzi izwi kw’izina rya « Maison médicale. »
Abantu batanu nibo bakomerekejwe n’iyo Gerenade, babiri muribo bakaba basinzikaye, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.
Mu giporisi bavuga kandi ko umuntu umwe yikekwa ko ariwe yateye iyo Geranade yafashwe.