Musigati : Abitwaje inkoho bateye ku rugo rw’umukuru w’umutumba Mpishi

Urugo rwatewe n’abitwaje inkoho bataramenyekana ni urwa MUSAFIRI Paul asanzwe ariwe mukuru w’umutumba Mpishi intara ya Bubanza, aho akaba yari nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro ryo kuri uwu wa mbere.

Nk’uko vyemezwa n’igiporisi, abateye urwo rugo barashe amasasu menshi, ariko ayo masasu akaba atawe yahitanye.

Umuntu umwe niwe yakomerekeye muri ico gitero, uwo nawe akaba ari uwitwa MIBURO Wilson asanzwe ari umukozi muri urwo rugo, yakomeretse mu kiganza ariko agwana yugara umuryango kugira abo bitwaje inkoho ntibinjire mu nzu y’umukuru w’umutumba.

Uwakomeretse ariko avurirwa kw’ivuriro rito rya zone Musigati.

Publicités