Umukuru w’igihugu yagenye bamwe mu bayobozi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi

Abo bagenywe ni Ingenieur Epaphras NDIKUMANA yagenywe kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi hamwe na Ingenieur Diomede NDAYIRUKIYE yagenywe kuba umwunganirizi w’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi.

Uwundi yagenywe n’iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/229 ryo kuwa 28 Munyonyo 2017, ni Ingenieur Jean Claude MBARUSHIMANA yagenywe kuba umuyobozi ajejwe uburimyi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi.

Ingenieur Epaphras NDIKUMANA yagenywe kuba umunyamabanga ntayegayezwa yari asanzwe akorera mu gisata c’ikawa, muri koperative Community Coffee Collective.

Publicités