Ibiganiro vya Arusha ni aho abanyapolitike b’uburundi baja gusamarira

Twebwe abisezerano twarababwiye yuko ico abanya politike bita ibiganiro kitodusamaza kuko kwisi yose haba ibiganiro ku mpande zishamiraniye canke m’ururimi rufoboye impande ziri mu ntambara. Ibibera i Arusha rero twovyita ibiyago no gusamara. Uko bafanda indege , bagafata hoteli nziza kandi bagafungura neza kuri bufero ni ukuvuga kuri gusa, ni ivyo nyene bagwanira kandi bazotahira. Bamwe bati igihugu ni nyabahendwa ahubwo abo birera tambukuzino ni batahe, abandi bati mwanguha ahubwo abantu birigwa barapfa , ibiziga bireremba mumazi n’amagrenades ategwa kuma bus no m’ubunywero ni tuvugane uko twohagarika iyo ntambara. Ikibazo none umuntu yobaza ni nibande bicwa kandi nibande babica kugira ngo bicarane baganire? Canke ni  » Nimutubangurukanye sindamwice! » Yamikino y’uwunyabwoba yohanga uwo adashoboye. 

Burya rero n’umuhuza arabona yuko ari imikino y’abana kandi NTAHISHA AHO AHAGAZE AHO YABWIYE ABAGWANYA RETA ATI : Ntituri ngaha kugira duharire ahubwo turi ngaha kugira tuganire.Ntimwishinge mukanura amaso muvyaheze mumwaka wa 2015 ,ahubwo nyabunawe tangura mutegure amatora ya 2020. Inyuma y’Iki kiyago ,ntamasezerano azosinywa ahubwo hazoba icegeranyo gusa…

Bibwigwa Benshi hakumva benevyo, twebwe turazi ico Imana yatubwiye kandi tuzogikorera, tugishigikire, tucumvise n’abandi harimwo nabo baja guta umwanya mumadege, mu mahoteli ,ama restaurants n’utubarets ngo bagiye kurondera amahoro.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s