Intambara yatanguye hagati y’abayahudi n’abarabu kuva aho Hamas isabiye abantu gutera imidugararo kubera ingingo ya Trump

Umukuru w’umutwe w’abanyapalesitina ugendera ku matwara akaze y’idini akaze ya Isilamu wa Hamas wahamagariye abanyapalesitina gutangira imigumuko mishasha ya infifada.

Basabwe guhagurukira rimwe bakarwanya icemezo ca Perezida Trump co kwemera ko Yeruzalemu ari umurwa mukuru wa Isirayeli.

Ismail Haniyeh ivyo yabivugiye mu kiganiro yahaye abanyamakuru mu ntara ya Gaza.

Habaye ibikorwa vyo gukozanyako hagati y’ingabo za Isirayeli n’abanyapalesitina mu miji ya Yeruzalemu na Betelehemu aho igipolisi carashe ivyuka biryana mu maso.

Icemezo ca Perezida wa Amerika muri rusange gikomeje kugwanywa hirya no hino ku isi.

Mu baciyamirije harimo ibihugu bisanzwe ari ibigenzi vya Amerika nk’Ubwongereza, Ubufaransa na Arabia Saudite.

Publicités