Imiti n’imfungugwa zihinguwe vyinjira mu Burundi bigiye gusuzumwa cane

Iyo nama yari iyo kwigira hamwe uko igisata kijejwe kugenzura imiti n’ibifungugwa bihinguwe kigiye gukora.

Nk’uko Emmanuel BAMENYEKANYE atwara igisata ABREMA abimenyesha, imiti yinjira mu gihugu myinshi yinjira idakwije amategeko, ugasanga harimwo n’iyakuwe kw’isoko mpuzamakungu y’imiti.

Emmanuel BAMENYEKANYE avuga ko intumbero y’igisata atwara ari iyo kugenzura bikwiye ukwo imiti

n’ibifungugwa bihinguwe bidandazwa mu gihugu.

«Twifuza ko abanyagihugu bakoresha imiti imeze neza, bafungure n’infungugwa zitabagirira ingaruka mbi.»

Arongera akavuga ati : « Uburundi bugiye kuja ku rugero rumwe n’ibindi bihugu vyo mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko mu bijanye n’ugukinga amagara y’abantu biciye mu gusuzuma imiti ikoreshwa mu gihugu »

Emmanuel BAMENYEKANYE yashikirije ko ikigega ca Reta kizohora cunguka amafaranga agera ku muriyaridi w’amarundi ku mwaka avuye mu bikogwa vy’igisata ABREMA.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s