
Écrit par NYANGOMA LEONARD
Bagumyabanga ba CNDD
Bagumyabuntu ba FFD
Namwe Ntebutsi za JPD
Barundi,
Barundikazi,
Bagenzi mwese, ncuti za CNDD,
Ubwa mbere na mbere, munkundire ndabature indamutso y’urukundo ivuye ku mutima: Nti ni musangwe amahoro, iteka, itekane n’iterambere kuri bose!
1. Nagira rero, kw’izina ry’umugambwe wacu CNDD, ku ry’umuryango wanje, eka no kw’izina ryanje nyene, ndabipfurize mwese, Inweri nziza cane, n’umwaka mwiza muhire mushasha wa 2018. Muze muwugiremwo amagara meza, amahoro n’iterambere mu ngo zanyu, eka n’igihugu cacu kibonereho kuva mu magume, ubukene butagira izina n’intwaro z’inguvu n’agacinyizo, gisubire kuramutswa iteka kuri bose na Demokarasi.
Bagumyabanga mwese, Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Umugambwe wacu CNDD,
2. Muri bene bino bihe, vyo kwipfurizanya umwaka mushasha mwiza, ntawosiga inyuma kwirimbura, no gukubitiza akajisho aho umuntu ageze, na canecane ivyo igihugu cacu, tukaboneraho gutereza amaso imbere, kuri kazoza kacu. Munkundire rero, tubice ku mayange.
Turazi yuko, uwu mwaka urangiye, nk’uko tuguma tubibona kuva mu mwaka wa 2005, ubuzima bw’abarundi bwagumye butituka; haba mu vy’imibano, ubutunzi canke ivya poritike y’igihugu. Twobibutsa uturorero dukeya gusa. Nko mu vy’ubutunzi, murazi yuko kw’isi yose, bagereranya ifaranga ry’igihugu n’amafaranga bita y’agaciro azwi nk’idorari. Mu 1990, idorari ryavunjwa hafi FBU 170, mu 2000, hafi FBU720, mu 2005 hafi BU1080. Uyu munsi, idorari rigeze ku mafaranga y’amarundi 1750 mw’ibanki, kurironka akaba ari umuzi w’ibuye, kw’isoko akaba isanzwe ari mu 2700! Ubukene rero bw’agakengereza, ni bwo busigaye bwigize ndanse mu gihugu. ikibabaza kigasonga, ukabona amagorofa aduzwa hirya no hino, iminsi mikuru y’urutavanako igatunganywa n’ubutegetsi, hamwe n’umugambwe ugomba kwigarurira ivy’igihugu cose, buririmba ngo ejo ni heza, bakama mu myiyamazo n’imyiyerekano, abanyagigugu batubitse uwa vubi; n’iminsi mikuru nk’iyi ya Nweri, n’ukwigina umwaka mushasha, igashika nka bose baganya, ico bazohereza umuryango. Ubuzima rero bwaratitutse, kuko ata mwimbu wotuma ubutunzi bw’igihugu butera imbere uriho, utubonetse na two tugaherera mu mipfuko y’akagwi gatoyi. Kukaba nka ko, Uburundi buharurwa kw’isonga ry’ibihugu, vyo muri Afrika y’ubuseruko mu kurya ibitutire. Amatohoza yerekeye ingene abantu babaho, yerekana ko abarundi barenga ibice 70%, bari munsi y’uko umukene asanzwe abaho, bisobanura ko, benshi turi ico bita mu kirundi “abafafara”, mu gihe benshi baronka utwo bahendesha umunwa, rimwe gusa ku munsi, batazi n’ikizorirenza bukeye! Hafi ibice 60% vy’abarundi bageze gukora akazi, na canecane urwaruka, barashomereye. Amakori yarabaye umurengera, igisongera isibe muri ino minsi, akaba ari uko ubutegetsi buriko butangisha ku nguvu, abanyagihugu ikori, ridategekanijwe muri rya bwirizwa rigenga, amafaranga Reta ikoresha ku mwaka. Aho tugomba kuvuga, ya ntererano y’amatora, bakitiranya ugutsimbataza ubwigenge, n’ukwikumira mu makungu. Mu vy’imibano, tuvuze nko mu gisata c’indero, kubera ko, ubutegetsi bufise ingendo y’uguhindagura, ibintu bitabanje kwigwa neza, na canecane abo vyega ubwa mbere, babanje kubigishwako inama, naho ubwo butegetsi nyene buguma bwihaya kumwe kwa wa mugani w’igikere, ngo abana biga ku buntu, bisigaye vyigaragaza ko abo bana bo Burundi bw’ejo “biga ubusa, bakigira ubusa”, kuko n’iyo barangije amashure ata n’akazi baronka, akanovera k’inyigisho kakaba karatitutse, ku rugero ruteye ubwoba, bose basemerera. Abanyeshure, canke amasendika, ntagifise n’uburenganzira bwo kugaragaza ahabona, mu mvugo canke mu myiyerekano, akababaro bafise ku mutima. Ubu bose batekewe n’ubwoba, nta wudyogora.