Australia : Igisagara ca Sdyney catewe n’ubushuhe bwaheruka haraheze imyaka 79

Igisagara ca Sydney co muri Australia catewe n’ubushuhe burenze urugero butari bwigere buboneka mu myaka 79 iheze, bukaba buri ku gipimo ca 47.3.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko, kuva kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 7 Nzero 2018, ababa mu karere ka Penrith kari mu burengero bwa Sydney barondeye iyo bahungira inyuma y’aho baterewe n’ubushuhe burenze urugero.

Abajejwe intwaro bamaze kugabisha ko hashobora kwaduka umuriro mu gisagara ca Sydney kandi hakaba habujijwe kwatsa umucanwa muri ico gisagara.

Ibipimo vy’umuriro vyegereye cane ivyo mu mwaka wa 1938, aho vyaduze bigashika kuri 47.8.