Burundi: Abantu babiri barishwe, 14 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko

Isekeza SOS-Torture rimenyesha ko abantu 2 aribo bishwe, abandi 14 bahagaritswe hadakurikijwe amategeko, mu kiringo co kuva kw’igenekerezo rya 30 Kigarama 2017, gushika kw’igenekerezo rya 6 Nzero 2018.

Mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture gisohoka uko indwi iheze, iryo sekeza rimenyesha ko mu bantu babiri bishwe mu kiringo c’indwi, harimwo uwishwe yagirizwa kuba ari umusuma.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa ry’abayoboke umunani b’umushingamateka Agathon RWASA, muri komine Ntega, intara ya Kirundo, igihe bariko basangira inyobwa ku rugo rw’uwitwa MUGISHA Samuel.

Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture rimenyesha ko abajejwe umutekano bahavuye bahagarika abayoboke b’umushingamateka RWASA Agathon, mu gihe abo umugambwe CNDD-FDD bobo bagumye bidegemvya.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa ry’umugabo azwi kw’izina rya Sefu NDAYISHIMIYE mu ntara ya Cankuzo, kw’igenekerezo rya 2 Nzero 2018.

Kubwa SOS-Torture,Sefu NDAYISHIMIYE yahagaritswe yagirizwa gukorana n’umurwi w’itwaje ibirwanisho mu Rwanda, mu gihe yari yaje gutora impapuro z’umwana kuri komine, aca ajanwa mw’igendereza.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s